Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Cahimbaje Imyaka 85 Igisikare Kimaze


북한 인민군 창건 85주년을 맞아 평양 만수대 언덕에 있는 김일성·김정일 부자 동상에 인민군 장병들과 각 계층 근로자·학생들이 꽃바구니를 바쳤다고 조선중앙통신이 25일 보도했다.
북한 인민군 창건 85주년을 맞아 평양 만수대 언덕에 있는 김일성·김정일 부자 동상에 인민군 장병들과 각 계층 근로자·학생들이 꽃바구니를 바쳤다고 조선중앙통신이 25일 보도했다.

Igihugu ca Koreya ya ruguru cahimbaje uno musi ku wa kabiri imyaka mirongo umnani n’itanu gishizeho igisirikare caco.

Ibirori vyaranzwe n’imyimenyerezo ya gisirikare yakoresheje insoro nyazo mu gisagara kirimwo ikivuko ca Wonsan, mu buseruko bw’igihugu.

Ivyo vyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe ukwivuna abandi bwa Koreya ya ruguru.

Bamwe mu bahinga bihweza ibintu n’ibndi, bari biteze ko Koreya ya ruguru ihimbaza imyaka mirongo umanani n’itanu ishizeho igisirikare cayo mu kugerageza ibirwanisho ruhonyanganda canke misile, incuro igira iya gatandatu. Yamara ivyo ntivyabaye ku muhingamo w’uno musi ku wa kabiri.

Ibirori vy’uguhimbaza imyaka mirongo umunani n’itanu irangiye Koreya ya ruguru ishizeho igisirikare cayo yahuriranye n’uko ubwato bw’inwgano bugendera musi y’amazi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika “ sous –marin”, bugwanisha ibigwanisho nucleaire, USS Michigan, bwashitse muri Koreya y’Epfo.

Iyo sous-marin yafatanije n’igisirikare kirwanira mu mazi c’Ubuyapanai na Koreya y’epfo mu myimenyerezo ya gisirikare, yabereye mu mazi y’ibahari yo mu burangero bw’ikigobe ca Koreya.

Bitegekanijwe kw’iyo myimenyerezo ya gisirikare ibandanya gushika ejo ku musi wa gatatu igenekerezo rya 25 ry’ukwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG