Uko wahagera

USA: Prezida Trump Yunguruje Umugambi wo Kwubaka Uruhome


Prezida wa Amerika Donald Trump
Prezida wa Amerika Donald Trump

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, uno musi ku wa kabiri yasubiye kwiyemeza kw’azokwubaka uruhome ku rubibe n’igihugu ca Mexique. Trump ashaka kuzibira abarondera kwinjira kugerera ku butaka bwa Amerika mu buryo budaciye mu mategeko.

Yamara uyu musi yatangaje kw’atagiye kwihutisha umugambi wo kuronka amafaranga azokoreshwa mu kwubaka, akaba rero yavuze kw’azorindira gushika mu mpera z’umwaka kugira ntibitume reta yugara ibiro vyayo vyose muri iyi ndwi.

Perezida Trump yatangaje kw’azorindira gushika mu kwezi kw’icenda ku vyerekeye amafaranga azokoreshwa mu kwubaka uruhome hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika na Mexique.

Bamwe mu bakwirikirana ibintu bavuga kw’urwo ruhome rushobora kuzotwara amafaranga arenga imiliyaridi mirongo ibiri y’amadolari y’abanyamerika.

Abademokarate bakiye neza ingingo ya Perezida Trump y’uguhesha ku bijanye n’ugusaba amafaranga y’ukwukaba uruhome hagati ya Amerika na Mexique mu biganiro vyerekeye amafaranga reta izokoresha biriko biraba muri iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG