Uko wahagera

Amakamyo ya PAM Yuzuye ImfungurwaYasubijwe mu Rwanda.


Reta y'Uburundi iherutse kwankira ama kamyo y'ishami rya ONU riraba ibijanye n'imfungurwa kw'isi PAM kwinjira ku butaka bw'ico gihugu.

Izo mfungurwa zari zaguriwe mu gihugu c'u Rwanda zashitse ku mupka w'Uburundi n'u Rwanda ku musi wa gatanu w'indwi iheze zasubijwe inyuma kuri uyu wa kabiri mu gitondo nk'uko vyemezwa na PAM.

Ishirahamwe PAM risigura ko hamwe Leta yofata ingingo yo kugara imipaka ica mu Rwanda bizotuma imfashanyo zigabanuka bitewe n'uko zizorinda kuzunguruka muri Tanzaniya.

Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye
Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye

Igipolisi c'Uburundi gisigura ko ayo ma kamyo yankiwe kwinjira kubera imvo z'umutekano.

N'inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika Eloge Willy Kaneza, ari i Bujumbura mu Burundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:41 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG