Uko wahagera

Ibihugu vya EAC Bisabwa Kwugurura Imbibe


Umuryango w’ibihugu vya Afurika y’ubuseruko uvuga kw'ibihugu vyose bibwirizwa kwubahiriza amasezerano y’isoko rusangi.

Kimwe mu bintu ayo masezerano yateweko umukono mu mwaka w’2009 n’abakuru b’ibihugu avuga, n'uko ibihugu bigize uwo muryango bisa n'ibikuyeko imipaka mu vyerekeye urudandazwa.

Naho biruko, uwo muryango umenyesha ko hari ibihugu nk’Uburundi biheruka kwugara imbibe buhana n’u Rwanda mu vyerekeye urudandazwa.

Depite Christophe Bazivamo, icegera c’umunyamabanga mukuru w’uwo muryango avuga kw' ivyo bigira ingaruka mbi ku gihugu ubwaco hamwe no mukarere kose.

Uwahora ar' umushikrianganji w’Uburundi ajewe ijinjira ry’ico gihugu mu muryango wa Afrika y’ubuseruko Leontine Nzeyimana, mu kiganiro aherutse guha Ijwi ry’Amerika, yasiguye kw' iyo ngingo Uburundi bwafashe ari ingingo yo gukingira umwimbu.

Umuryango wa Afrika y’ubuseruko umenyesha kw' atabihano ushira imbere ahubwo kw' ibihugu bihamagarirwa kwugurura izo mbibe ku neza ya bose.

Uburundi busigura ko hamwe hofatwa ibihano, ataribwo bwohanwa bwonyene kuko hari n’ibindi bihugu nka Tanzania vyabujije kw' ibidandazwa bisohoka igihugu.

Umuryango wa’Afrika y’ubuseruko ubona kw' iyaba ikibazo c’ukwugara imbibe kitariho, muri kino gihe ata nzara iba iriko iribonekeza mu karere kose kuko igice gikenye kiba gihabwa ibidandazwa n’igice cashoboye kwimbura neza.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika Pierre Claver Niyonkuru, ari i Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:00 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG