Uko wahagera

Ubufaransa: Le Pen abaye ahagaritse kuyobora Front National


France Election
France Election

Inyuma y’umusi umwe abamushigikiye bamushikanye kuntambwe yo guhiganwa n’umukandida Emmanuel Macron mu matora y’umukuru w’igihugu, Marine Le Pen umukandida adashigikiye igwirirana ry’abimukira mubufaransa, yatangaje ko atakiri mu mabanga y’ubuyobozi bw’umugambwe wiwe ivyagateganyo. Ivyo akaba yabikoze mu ntumbero yo gutangura ibikogwa vyo kwiyamamaza mu kibanza c’umutegetsi w'abafaransa bose.

Iyo ngingo ikaba ari umugambi ugamije kumufasha kwongereza igitigiri c’abamushigikira. Le Pen yabitanganje kuri television y’igihugu c’Ubufaransa ku mugoroba w’ejo ku musi wa mbere avuga ati: “Kuva rino joro si nkiri umukuru w’umugambwe Front National”. Ati: “Nd’umukandidat mu matora y’umukuru w’igihugu”. Yongeyeko avuga ko yipfuza gukorera ku gwego rwo guharanira inyungu zirengeye iz’imugambwe gusa.

Muvyo abakurikiranira hafi politike mubufaransa bise nyamugigima muri politikey’igihugu, Le Pen yaronse mirongo ibiri na rimwe n’ibice bitanu kw’ijana vy’amajwi. Emmanuel Macron bahiganywe aronka ibice mirongo ibiri na bitatu n’ibice umunani kw’ijana.

Incuro ya kabiri y’amatora y'umukuru w'igihugu azoba kw’italiki indwi z’ukwezi kwa gatanu.

XS
SM
MD
LG