Uko wahagera

Barack Obama Yahamagariye Urwaruka Guhaguruka


Barack Obama yahoze ari perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yasubiye guseruka ku mugaragaro imbere y’abanyagihugu kuva arangije amabanga yiwe. Yahamagariye, uno musi ku wa mbere, abakiri bato gufata iya mbere mu gufasha gutorera inyishu ibibazo vy’abanyagihugu mu bice babamwo. Nkuko yabigenjeje imbere yuko yitoza kuba perezida wa Amerika. Ivyo yabishikirike mu gisagara avamwo ca Chicago.

Obama yatangaje ko mu vyo yakoze mu gufasha abanyagihugu gutorera inyishu ibibazo bibaraje ishinga mu gisagara ca Chicago haraheze imyaka mirongo itatu yahakuye icirwa kw’abanyagihugu basanzwe, mu gihe bakoreye hamwe bashobora gukora ibitangaza. Atangaza kw’ico cabaye icirwa yagumanye gushika ubu.

Obama yabaye perezida agira uwa mirongo ina na kane, yatangaje ko yipfuza gufasha n’ugutegura abakiri bato kugira bafate iya mbere mu gutorera inyishu ibibazo bihanze amakungu.

Obama yatangaje kw’ibibazo nk’uburinganire hagati y’abanyagihugu ku bijanye n’uburyo bw’ukwibeshaho, ihindagurika ry’ibihe, ikibazo c’ugufatwa kumwe mu nzego z’ubutungane ar’ibibazo bitoroshe na gato, ko yamara ar’ibibazo bishobora gutorerwa inyishu.

Obama ntiyari bwaseruke ku mugaragaro imbere y’abanyagihugu kuva arangije amabanga y’umukuru w’igihugu haheze amezi atatu. Muri ico gihe yararuhutse n’umupfasoni wiwe, Michelle Obama.

Bagiye mu karere ka Karayibe mu kwezi kwa kabiri. Mu misi ya vuba naho bamaze igihe mu gice ca Polineziya c’Ubufransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG