Uko wahagera

Somaliya: Abantu 4 b'Umurwi al-Shabab Bishwe Barashwe


Abarwanyi b'umurwi al-Shabab

Abategetsi mu gice co mu bumanuko bushira uburengero bwa Somaliya barashe abarwanyi bane b’umurwi al-Shabab bagiwe n’ukuba bagize ibitero vy’amabombe vyahitanye abantu mirongo umunani.

Abo barwanyi baciriwe urubanza rw’ugupfa mu kwezi kwa kabiri na sentare ya gisirikare muri Somaliya mu gisagara ca Baidoa ku bilometero amajana abiri na mirongo ine mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho.

Icegera c’umushikirizamanza mukuru w’iyo sentare, Mumin Husein Abdullahi, mw’itangazo ry’ukwica abo barwanyi bane b’umurwi al-Shabab yasomye uno musi ku wa mbere, yatangaje ko bagize uruhara mu bitero vyabereye icarimwe ku buriro bubiri bwo mu gisagara ca Baidoa mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2016. Amenyesha ko sentare ya gisirikare yabaciriye urubanza rw’ugupfa inyuma yuko bagiwe ku buryo bugaragara n’ivyo vyaha.

Abo barwanyi bane b’umurwi al-Shabab barasiwe mu gisagara ca Baidoa imbere y’abategetsi n’abanyagihugu bo muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG