Uko wahagera

Uburusiya Bubonwa Ko Bufasha Abatalibani


Jenerali John Nicholson, umusirikare mukuru w'umunyamerika ayoboye inteko mpuzamakungu muri Afuganistani
Jenerali John Nicholson, umusirikare mukuru w'umunyamerika ayoboye inteko mpuzamakungu muri Afuganistani

Imisi mikeyi inyuma yuko Abatalibani bagize igitero kw’ikambi y’igisirikare y’igihugu ca Afuganistani, abategetsi bakomeye ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, ntibahakana amakuru yuko Uburusiya bwahaye ibirwanisho Abatalibani.

Abategetsi ba Amerika bamenyesha ko babandanya kuronka amakuru yuko Uburusiya bufasha Abatalibani.

Ivyo vyatangajwe n’umutegetsi w’umusirikare akomeye wa Amerika ayoboye inteko mpuzamakungu zirwanira ku butaka mu gihugu ca Afuganistani, Jenerali John Nicholson.

Yabitangarije ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul, ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jim Mattis yagize urugendo rutatangajwe imbere yaho muri Afuganistani. Yagiye muri Afuganistani avuye muri Qatar na Djibouti.

Amenyesha ko bazoganira n’abategetsi b’Uburusiya ku bibazo bashobora guhurirako, yamara ako bazohangana n’ico gihugu mu gihe ivyo kizoba kiriko gikora bizoba biciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Urugendo rwa Mattis muri Afuganistani rubaye imisi mikeyi inyuma yuko abarwanyi b’Abatalaibani bishe abantu ijana na mirongo ine mu gitero kw’ikambi y’igisirikare ya Reta ya Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG