Uko wahagera

Ubufaransa: Kwiyamamariza Incuro ya Kabiri Y'amatora Kwatanguye


Abakandida babiri bariko baritoza mu matora y'umukuru w'igihugu.

Abakandida babiri bashitse mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu mu Bufaransa, Emmanuel Macron na Marine Le Pen batanguye kwiyamamariza incuro ya kabiri y’amatora kur'uyu musi wa mbere.

Abariko bagerageza kwumvisha abatora ko bazoshira mu ngiro ivyo abanyagihugu bashaka.

Mu ncuro ya kabiri y’amatora izoba kw’italiki indwi z’ukwezi kwa gatanu, Abafaransa bazohitamwo nimba bashaka kuguma mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya canke nimba bashaka gukwirikira akarorero k’Ubwongereza mu kuva muri uwo muryango.

Umukandida Emmanuel Macron yatangaje kw’ashaka kuba perezida w’abanyagihugu bose bo mu Bufaransa. Ivyo yabitangaje imyuma y’intsinzi yiwe mu ncuro ya mbere y’amatora y’umukuru w’igihugu. Ashaka kandi kugumiza Ubufaransa mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Umukandida bahiganwa mu ncuro ya kabiri y’amatora, Marine Le Pen, avuga kw’ashira inyungu z’Ubufaransa imbere y’ibindi vyose, yabwiye abamushigikiye ko yiyemeje gukomeza imbibe z’igihugu, kugabanya bikomeye ibitigiri vy’abimukira n’ukwikurako umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Yatangaje kw’ari umukandida w’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG