Uko wahagera

Israyeli Iribuka Abayo Bahitanywe n'Ihonyabwoko


Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli, mu birori vyo kwibuka abayahudi bahitanywe n'ihonyabwoko
Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli, mu birori vyo kwibuka abayahudi bahitanywe n'ihonyabwoko

Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli, Benjamin Netanyahu yagabishije abashaka gusambura Israyeli, hamwe n’abayahudi, ko aribo nyene bazorugwamwo. Ivyo Netanyahu yabitangaje ari ku cibutso c’I Yad Vashem, I Yerusalemu, aho bari baramutse bibuka abayahudi bashika ku miliyoni zitandatu, baguye mw’ihonyabwoko ryakozwe n’uwahoze atwara Ubudagi, Adolpf Hitler.

Netanyahu yavuze ko Irani na Reta ya Kisilamu bafise umugambi wo gusambura Israyeli, kandi ko urwanko bafise ku bayahudi, ubu rwerekeza kuri Reta yabo. Avuga ko iryo honyabwoko ryababereye icigwa, kandi ko bategerezwa kuzokwigwanira uko bizogenda kwose.

Mu birori vyo kwibuka abahitanywe n’iryo honyabwoko, I New York, Prezida Donald Trump yavuze ko bigoye kwiyumvira umubabaro n’agahinda k’iryo honyabwoko. Yamara ko biyemeje kutazosubira kwemera ububisha nk’ubwo.

Mw’ijambo yashikirije, Antonio Guterres, Umunyamabanga Mukuru wa ONU, yavuze ko muri kino gihe, kwanka ko Israyeli icika Reta ikwije amategeko, ari irindi hohoterwa iriko irakorerwa. Guterres yatangaje ko Reta ya Israyeli ikwiye gufatwa na ONU nk’ayandi ma Reta yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG