Uko wahagera

Le Pen mw'Ihiganwa rya Nyuma ry'Amatora mu Bufransa


Marine Le Pen, umwe mu bakandida mu matora y'Umukuru w'Igihugu mu Bufaransa.
Marine Le Pen, umwe mu bakandida mu matora y'Umukuru w'Igihugu mu Bufaransa.

Mu Bufaransa, amatora y’Umukuru w’Igihugu yo ku ncuro ya mbere, yabaye kur’uyu w’Imana, yatahukanye Emmanuel Macron yaronse mirongo ibiri na bitatu n’ibice umunani kw’ijana vy’amajwi. Ku mwanya wa kabiri haje Marine Le Pen yaronse mirongo ibiri na rimwe n’ibice indwi kw’ijana vy’amajwi.

Uwuzotahukana intsinzi mu kibanza c’umukuru w’igihugu akeneye amajwi menshi mu matora yo ku ncuro ya kabiri, ategekanijwe kuzoba itariki indwi, z’ukwezi kwa gatanu. Macron yahoze ar’umushikiranganji w’ubutunzi, afise imyaka mirongo itatu n'icenda. Imigambi yiwe igizwe no gukorana n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, hamwe no gukomeza urudandaza.

Ku ncuro ya kabiri, Macron azohiganwa na Marine Le Pen, asanzwe aserukira umugambwe Front National, ufise abanywanyi mu ntara zahoze zikomeye mu bisata vy’amahinguriro. Le Pen avuga ko umwe mu migambi yiwe ar’ukubohora abafaransa, agakura Ubufaransa mw’Ishirahamwe rya Buraya.

Abahinga bavuga ko ayo matora aray’imboneka rimwe, kuva ingwano y’isi yose ya kabiri iheze. Bavuga ko umunsi wo gutora washitse hari abanyagihugu benshi batari bwamenye neza aho bahagaze.

Kur’uyu w’Imana, abapolisi ibihumbi mirongo itanu, bari kumwe n’abasirikare ibihumbi indwi bari bakwiragiye mu mabarabara y’Ubufaransa, bivuye ko umuhari wa Reta ya Kisilamu wari wagabishije ko ushobora gukora igitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG