Uko wahagera

Kenya: Prezida Uhuru Yasavye Imbabazi ku Matora Yasibijwe


Prezida Uhuru Kenyatta ariko aragenderera ibibanza vyo kwiyandikirishizamwo.
Prezida Uhuru Kenyatta ariko aragenderera ibibanza vyo kwiyandikirishizamwo.

Presida Uhuru Kenyatta wa Kenya yasavye imbabazi, bivuye ko amatora y’intango yarategekanijwe kuba k’umunsi wa gatanu yasibijwe, inyuma y’aho bitangarijwe ko ayo matora yitabiwe k’urugezo runini rutari gwitezwe.

Prezida Kenyatta yatangaje kur’uyu wa gatandatu ko umugambwe wiwe, Jubilee, uzotunganya ayandi matora kur’uyu wa mbere no ku wa kabiri, bivuye ko intara cumi na zitanu kuri mirongo ibiri n'imwe zitashoboye gutora kur’uyu wa gatanu.

Ayo matora yaranzwe n’utunenge two kubura ibikoresho bikwiye, amakarata yo gutora yarimwo amakosa, no kudasobanukirwa ku bintu bimwe bimwe.

Amatora y’ibanze akazoba imbere y’amatora yo k’urwego rw’igihugu ategekanijwe kuba m’ukwezi kw’umunani, azoba arimwo n’amatora y’abazohiganirwa ikibanza c’Umukuru w’Igihugu.

Umugambwe Jubilee wa Prezida Uhuru Kenyatta wavutse m’umwaka uheze, ugizwe n’imigambwe cumi n'ibiri yagiye hamwe kugira ishigikire Prezida Kenyatta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG