Uko wahagera

Afuganistani: Igitero c'aba Kamikaze Cishe Abasirikare Barenga 50


Ikirindiro c'abasirikare ba Afuganistani

Umugwi w’aba kamikaze b’aba talibani, wari witwaje ibigwanisho bikomeye, wakoze igitero, kur’uyu wa gatanu, ku kirindiro c’abasirikare bo m’uburaruko bwa Afuganistani. Abategetsi mu gisirikare bari batangaje kikiba ko cahitanye abasirikare umunani, yamara igitigiri ubu kikaba kigeze ku barenga mirongo itanu, nk’uko vyatangajwe n’umutegetsi mu gisirikare.

Abarongozi mu ntwaro bavuga ko ico gitero catangujwe n’umu kamikaze yiturikijeko igisasu, bagenzi we babona kwinjira mur’ico kibanza. Abar’aho bakavuga ko ar’igitero cakozwe n’abagwanyi bari hagati y’8 na cumi, kandi ko baje bagana abasirikare ba Reta, bari bavuye m’umusigiti gusenga.

Ikirindiro c’abasirikare catewe gisanzwe kiriko abasirikare bajejwe gutuza ibitero vy’aba talibani, m’uburaruko bwa Afuganistani. Ico kirindiro kiriko kandi n’inteko mvamakungu z’Ishirahamwe OTAN, yamara nta makuru yatanzwe y’uko har’aboba baguye mur’ico gitero.

Igitero nk’ico cabaye kur’uyu wa gatanu kikaba caheruka mu kwezi kwa kane, kw’umwaka uheze, cabereye ku biro vy’abajejwe iperereza, k’umugwa mukuru wa Afuganistani, i Kaboul, gihitana abashika kuri mirongo itandatu. Umuhari wa Reta ya Kisilamu wemanze kw’ari wo wakoze ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG