Uko wahagera

Ingabo za Kenya za Amisom Zishe aba Al Shabab 52


Abasirikare ba Kenya bo mungabo za Amisom, muri Somaliya
Abasirikare ba Kenya bo mungabo za Amisom, muri Somaliya

Umushikiranganji wa Kenya wo kwivuna abansi yatangaje ko abasirikare ba Kenya bo mu ngabo za AMISOM muri Somaliya basambuye ikambi y’abarwanyi ba al-Shabab, bicamwo 52 bafata n’ibirwanisho.

Mw’itangazo yashikirije, uwo mushikiranganji yavuze ko inteko ziwe zateye iyo kambi, yari hafi y’igisagara ca Badhadhe mu ntara ya Lower Jubba, mu masaha y’indwi z’agatondo kur’uyu wa gatanu.

Umunyagihugu aba mur’ako karere atashimye ko izina ryiwe rimenyekana kumvo z’umutekano wiwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo kambi ya al Shabab yatewe iri hafi y’ikirindiro c’abasirikare ba Kenya ba AMISOM muri Somaliya.

yatangaje ko abasirikare ba Kenya bakoresheje za kajugujugu mugutera amabombe mu gatondo ka kare.

Kenya itangaza ko abandi barwanyi ba al Shabab babashije guhunga harimwo abakomeretse. Igisagara ca Badhadhe kiri ku birometero 200 m’ubumanuko bushira uburengero bwa Kismayo kandi ni kimwe mubisagara mur’ako karere bigenzurwa na al-Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG