Uko wahagera

Prezida Erdogan Agiye Kugendera Amerika


Prezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya
Prezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya

Prezida Reccep Tayip Erdogan wa Turukiya yatangaje ko ategekanya kugendera Prezida Donald Trump wa Amerika, m’ukwezi kuza. N’inyuma y’aho Prezida Trump amwakuriye kw’iterefone, amukeze ku ntsinzi y’amatora yabaye k’umunsi w’Imana.

Mu kiganiro yatanze kur’uyu wa kane, Prezida Erdogan yavuze ko uwo mubonano uzoba mu matariki ya cumi na gatandatu na cumi n'indwi z’ukwezi kuza kwa gatanu. Avuga kandi ko yizeye ko uwo mubonano uzotuma imigenderanire ya Amerika na Turukiya ikomera. Ibiro vya Prezida Trump ntaco biratangaza ku bijanye n’uwo mubonano.

Yamara ibihugu vya Buraya vyovyo ntaco vyavuze kur’iyo ntsinzi bivuye ku makenga bifise ajanye n’ivyavuye mur’ayo matora. Prezida Erdogan akaba yatangaje ko sentare y’ibihugu vya buraya, ataco ifise ivuguruza kur’ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG