Uko wahagera

France: Umupolisi Yaguye mu Gitero c'Abiyahuzi


Ahabereye igitero c'abiyahuzi, I Paris, m'Ubufaransa
Ahabereye igitero c'abiyahuzi, I Paris, m'Ubufaransa

I Paris, k’umugwa mukuru w’Ubufaransa, umupolisi umwe yishwe abandi babiri barakomereka, m’ubwicanyi bwabaye kur’uyu wa kabiri. Nta vyinshi vyashikirijwe ku bijanye n’ico gitero gisa n’icakozwe n’abiyahuzi.

Igipolisi catangaje ko umwe mu bakoze ubwo bwicanyi yapfuye, arashwe. Umunyagihugu yar’ahabereye ico gitero yabwiye abajejwe umutekano ko har’umuntu yavuye m’umuduga yarimwo, atangura kurasira hafi y’igituro c’imiduga yunguruza abantu.

Igipolisi casavye abanyagihugu hamwe n’ingenzi ko bokwigigwa kure y’ikibanza ca Champs Elysees, ahabereye ubwo bwicanyi, hasanzwe hakwega kandi ingenzi nyinshi. Abategetsi b’Ubufaransa bamenyesha ko baza batanguye amatohoza.

Prezida Donald Trump wa Amerika yarungitse ubutumwa bwo guhoza abafaransa. Avuga ko ar’akandi karorero k’ubwicanyi bwabaye ndanse muri kino gihe.

Ivyo bibaye mu gihe Igihugu c’Ubufaransa kiri mu myiteguro yo gutora Umukuru w’Igihugu mushasha, amatora ategekanijwe kuba kur’uyu w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG