Umukuru w’ibanki nkuru y’isi yose, Jim Kim aragabisha kw’ibice bibiri kuri bitatu vy’ubuzi mu bihugu biri munzira y’iterambere, bishobora kubura bitewe n’uko bugiye kuza burakorwa n’ivyuma hamwe n’amamashine. Avuga kw’ivyo bishobora kuzotuma haduka indyane zishobora gutuma igitigiri c’impunzi kw’isi ciyongera.
Kim yabivugiye mu nama y’ubutunzi na politike ihuza abategetsi bava kw’isi yose baje ku cicaro c’ibanki nkuru y’isi hamwe no kubiro bikuru vy’ikigega mpuzamakungu FMI I Washington D.C.
Kim avuga ko bitaramenyekana neza igihe ubwo buzi buzotangura kugaragara ko bwabuze. Ati yamara ico kibazo kigiye kwibonekeza mu gihe kimwe n’iterambere ryari ritanguye kugaragara mu bijanye n’ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukana bumenyi mu bihugu bikenye.
Kim avuga kw’ar’ ikibazo gikomeye gikwiye gukemurwa vuba kubera isi isanzwe iriko ica mu bibazo bikomeye vy’intambara, ihindagurika ry’ibihe, inzara, n’ibibazo vy’impuzi bikomeye cane kuva habaye intambara y’isi ya kabiri.
Facebook Forum