Uko wahagera

Amasazerano Mashasha ya ONU n'Ubumwe bwa Afrika


Abakuru b'Ibihugu vya Afrika hamwe n'Umunyamabanga Mukuru wa ONU.
Abakuru b'Ibihugu vya Afrika hamwe n'Umunyamabanga Mukuru wa ONU.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryateye igikumu ku masezerano yo gukorana n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, kur’uyu wa gatatu, mu bijanye n’amahoro hamwe n’umutekano. Ayo masezerano agiye gukomeza uburyo ayo mashirahamwe azokorana mu gukinga intureka k’umugabane wa Afrika.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Antonio Guterres, Umunyamabanga mukuru wa ONU, yavuze ko ayo mashirahamwe asangiye uburyo atahura ko ar’ivya nkenegwa ko bakorera hamwe ku bijanye n’amahoro, umutekano, iterambere ridakumira, agateka ka zina muntu hamwe n’intwaro ibereye.

Moussa Faki Mahamat, aramutswa Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, avuga ko ayo masezerano abaye mu gihe kidasanzwe, aho Afrika iriko irahangana n’ibibazo vy’intambara, iterabwoba, abimukira batera biyongera hamwe n’abahunga inzara.

Abo bategetsi bavuze kandi ko bagiye kwicarira umugambi w’iterambere rirama hamwe no gushinga ubuzi ku bakiri bato, bagwiriye k’umugabane wa Afrika. Mahamat avuga ko abantu barenga umuliyaridi aribo baba muri Afrika. Mur’abo, ibice mirongo itandatu kw’ijana bigizwe n’urwaruka. Kubwa Mahamat, ngo n’ubutunzi budasanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG