Uko wahagera

Ibikorwa vyo Kwimura Abasivile Vyasubiye Muri Siriya


Igikorwa c’ugukura abasivile mu bisagara bigeramiwe n’ingwano muri Siriya cabandanije kur’uyu musi ku wa gatatu, inyuma yuko ico gikorwa gihagaritswe n’igitero ca bombe cabaye ku musi wa gatandatu w’indwi iheze cahitanye abantu batari musi y’ijana na mirongo ibiri na batandatu.

Itangazamakuru rya Reta ya Siriya n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Siriya rifise icicaro i Londres, mu Bwongereza, Syrian Observatory for Human Rights, vyamenyesheje kw’amabisi yakuye abantu ibihumbi bitatu mu bisagara vya Foua na Kfarya biri mu minwe ya Reta, vyageramiwe n’abarwanya ubutegetsi.

Ayandi mabisi yakuye abantu amajana n’amajana mu bice biri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi vya Madaya na Zabadani bigeramiwe n’inteko zishigikiye Reta ya Siriya.

Ico gikorwa kiriko kigirwa hisunzwe amasezerano yashitsweko mu kwezi guheze.

Igitero ca bombe co ku musi wa gatandatu mu gisagara ca Rashideen cagizwe ku mabisi yari akuye abantu mu bice biri mu minwe ya Reta. Benshi mu bishwe bari abari bakuwe kuri ivyo bice.

Urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rwariyamirije ico gitero mw’itangazo ku musi wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG