Uko wahagera

Venezuela: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Prezida Maduro


Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Maduro wa Venezuela
Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Maduro wa Venezuela

Mu gihugu ca Venezuela, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bateguye gukora imyiyerekano ikomeye, kur’uyu wa gatatu, mu ntumbero yo kwiyamiriza umugambi wa Prezida Nicolas Maduro, wo gushaka kuguma k’ubutegetsi. Prezida Maduro nawe akaba yaciye ahamagarira abanywanyi biwe, abasaba guhagarika iyo myiyerekano.

Prezida Maduro yatangaje ko afise umugambi wo gutanga ibigwanisho k’umunywanyi wiwe wese. Kur’uyu w’Imana, yari yasavye abasirikare ko bakwiragira igihugu cose. Umwe mu banywanyi biwe, ari mu nama nkenguzamateka, yatangaje ko bategekanije abanyonga amapikipiki bashika ku bihumbi mirongo itandatu, baza gushigikira Prezida Nicolas Maduro.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi nibo bitezwe mur’iyo myiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Maduro. Imyiyerekano yategekanijwe kandi na hano i Washington DC. Prezida Maduro, yasavye abanywanyi biwe ko bokingira igihugu, mu kugwanya umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bwiwe.

Kur’uyu wa mbere, amashirahamwe atari make yarateye akamo ko guhagarika izo ntureka zishobora kwadukamwo ubwicanyi. Ishirahamwe ryitaho amategeko muri Venezuela ryatangaje, kur’uyu wa kabiri, ko abantu barenga amajana atanu bamaze gutabwa mu mvuto kuva mu kwezi kwa kane. Iryo shirahamwe rikavuga kandi ko abashika ku majana abiri na mirongo ine n'umwe bapfunzwe kuva k’umunsi wa mbere, kandi ko bahohotererwa ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG