Uko wahagera

Amerika Ifise Imigambi y'Ukwirukana Abasomali 5,000


Somaliya kw'ikarata
Somaliya kw'ikarata

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje kw’Abasomali bagera ku bihumbi bitanu bari muri Amerika bategetswe kuva mu gihugu.

Kuva kw’italiki imwe y’ukwezi kwa kane, hari abasomali ibihumbi bine n’amajana umunani n’umwe bategetswe kuva muri Amerika.

Kuri iyo taliki nyene abasomali amajana abiri na mirongo itatu n’indwi barirukanywe muri Amerika basubizwa muri Somaliya mu mwaka w’i 2017.

Ivyo vyemeza amakuru Ijwi rya Amerika ryahawe na Ambasaderi wa Somaliya muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ahmed Isse Awad haheze imisi cumi.

Ambasaderi Ahmed Isse Awad yabwiye Ijwi rya Amerika, Serivisi y’Igisomali, ko ambasade yiwe yaronse amakuru kw’abategetsi bo mu biro vya Amerika bijejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu, bari bifise imigambi y’ukwirukana abasomali ibihumbi bine baba muri Amerika muri iki gihe.

Benshi muribo barakoze ivyaha. Yamara Ambasaderi Isse atangaza kw’umuntu wese ari ku butaka bwa Amerika mu buryo budaciye mu mategeko ashobora kwirukanwa mu gihugu.

Amenyesha kw’abasomali bagera kw’ijana na mirongo irindwi bamaze gusubizwa muri Somaliya birukanywe ku butaka bwa Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG