Uko wahagera

Pence: Uburyo Bwose Buzokoreshwa mu Kugondoza Koreya ya Ruguru


Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe na Vise Perezida w'Amerika, Mike Pence i Tokyo, m'Ubuyapani.

Icegera ca Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Mike Pence kur’uyu wa kabiri yavuze kw’amakungu akwiye kuremera Korea ya ruguru, akoresheje ibiganiro hamwe n’ubutunzi kugira gihebe umugambi w’ibigwanisho ruhonyanganda.

Mu kiganiro yatangaze ari m’Ubuyapani, Pence yavuze ko Amerika itazoruhuka idashikiriye umugambi wayo wo gukura ibigwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Korea ya ruguru, yongera avuga kw’uburyo bwose buzokoreshwa kugira ngo uyo mugambi urangurwe.

Yaribukije utwigoro twakozwe n’amakungu mu kugerageza kujijura Korea ya ruguru ngo gihebe umugambi w’ibigwanisho ruhonyanganda, turimwo ibiganiro vyatunganijwe n’ibihugu bitandatu mu mwaka 2009, bitagize ico bishikako.

Pence yibukije kw’ibihe vyo kurindira no gutesha umwanya amakungu vyarenganye, akaba yarateye akamo gasaba Ubuyapani, Korea y’Epfo hamwe n’Ubushinwa gukorana na Amerika mu gucira umukenke hamwe n’ukuremera Korea ya ruguru.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe yakiriye Pence, yavuze kw’ashima umugambi wa Perezida Trump wo gukoresha uburyo bwose bushobotse, yongera avuga ko yizeye ko hashobora kuboneka amahoro aciye mu biganiro na Korea ya ruguru, yamara yongera avuga kw’ibiganiro ataco bivamwo, ata kamaro bifise.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG