Uko wahagera

Trump Arakeza Erdogan Kuntsinzi Yiwe


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Donald Trump yakeje Perezida wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan ku ntsinzi y’itora ryari rifise umugambi wo kwemeza canke guhakana ububasha bukomeye bwa Perezida buruta ububasha bw’inama nshingamateka.

Ibiro vya Perezida Trump vyatangaje kw’abo bategetsi uko ari babiri bavuganye kuri telephone; muvyo bavuganye hakaba harimwo gukora ibishobotse vyose kugira ngo Perezida w’igihugu ca Syria Bashar al-Assad, akwirikiranwe kubera igitero c’ibigwanisho vy’ubumara, yakoze ku basivile mu misi iheze.

Abanyapolitike batavuga rumwe na Erdogan, bariko barasaba kw’iryo tora ryosubirwamwo, mur’iki gihe kandi n’abarorerezi mpuzamakungu bagenduje iryo tora bavuga ko rituzuriza abanyagihugu, ngo kuko abari barishigikiye n’abariko barahigwanya basa n’abangana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG