Uko wahagera

Igitero c'iterabwoba Caburijwemwo m'Ubufaransa


Abantu babiri bakekwa kuba bariko bategura igitero c’iterabwoba gikomeye bafashwe kur’uyu wa kabiri mugisagara ca Marseille kiri mu bumanuko bw’Ubufaransa. Ivyo ni mugihe hasigaye imisi itanu ngo habe amatora y’ibanze agana amatora y’umukuru w’igihugu.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, François Hollande yashimiye abajejwe umutekano kandi amenyesha ko ubutungane bugiye kuzotangaza ivy’abo bafashwe n’intumbero yabo.

Abo bagabo babiri bafashwe ni abafaransa bazwi kumazina ya Clément B. w’imyaka ya 22 na Mahiedine w’imyaka 29.

Ubufaransa bwaratewe mu mwaka w’2015 aho abantu bashika 238 bapfuye kandi ibindi bitero vyaraburijwemwo kuva mu ntango z’umwaka wa 2016.

Abapolisi barenga ibihumbi 50 hamwe n’abasirikare barakwiragijwe mubice nkavyose vy’Ubufaransa mu ntumbero yo gucungera umutekano w’amatora y’ibanze ategekanijwe mu misi itanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG