Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yagirije Amerika Gusotora Intambara


Icegera c'Uwuserukira Koreya ya Ruguru muri ONU, Kim In Ryong

Inyuma y’umunsi umwe Icegera c’Umukuru w’Igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika atangaje ko bitagishoboka kwihanganira Koreya ya Ruguru, uwujejwe gutumatumanako amakuru mubiro kwa Prezida, Sean Spicer yatangaje ko bagiye gusubira kwihanganira ico gihugu mu mwanya muto. Spicer yavuze ko bagiye kubandanya bakorana n’Ubushinwa, mu ntumbero yo gutora uburyo bwo kubikora.

Mu nama yihuta yabereye ku cicaro ca ONU, i New York, icegera c’uwuserukira Koreya ya Ruguru, muri ONU, Kim In Ryong, yagirije Amerika ko iriko irarondera gutera intambara m’ugusotora akarere ka Koreya. In Ryong yavuze kandi ko intambara ya nucleaire mur’ako karere ishobora kwaduka umwanya uwari wose.

Kur’uyu wa mbere, Prezida Donald Trump wa Amerika yabwiye abamenyeshamakuru ko Koreya ya Ruguru yarenze akarimbi kandi ko abatwaye imbere yiwe barengewe na Kim Jong Un aramutswa Koreya ya Ruguru.

Umuhinga yahoze akorera ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, ku bibazo vya Koreya ya Ruguru, Sue Mi Terry, avuga ko urwo ruhagarara rwose ar’uburyo bwo kugabisha amakungu na cane cane Ubushinwa na Koreya ya Ruguru ko atari bo barema.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG