Uko wahagera

Amatora yo Kugenzura Prezida Zuma Yigijweyo


Abatavuga rumwe na Reta mu myiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Jacob Zuma wa Afrika y'Epfo.

Muri Afrika y’Epfo, amatora yarategekanijwe kugenzura ubutegetsi bwa Prezida Jacob Zuma mu mabanga yiwe yigijweyo, mu kurindira ingingo ifatwa na sentare nkuru y’igihugu.

Amatora yo kugenzura Prezida Zuma yari yasabwe n’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, Alliance Democratique. Ayo matora yar’ategekanijwe kuba kur’uyu wa kabiri, ukuyigizayo bikaba vyatumye icuka kirushiriza kuba kibi. Ni mu gihe kandi aho muri Afrika y’Epfo, hamaze iminsi har’uruhagarara rwa politike, rwatanguye inyuma y’aho Prezida Zuma akomboreye umushikiranganji ajejwe ubutunzi, mu mabanga yiwe.

Mu ndwi iheze, mu gihe Prezida Zuma yariko ahimbaza isabukuru ry’amavuko yiwe, y’imyaka mirongo indwi n'itanu, yaratangaje ko abagwanya umugambwe wiwe babikora kubera amacakubiri, akavuga ko ar’indwara y’ihahamuka iri mu bazungu.

Abahinga muvy’imibereho aho muri Afrika y’Epfo bakaba baciye bihutira kwamirira kure ivyo birego, m’ukuvuga ko nyabuna ivyigwa biheruka gusohoka, vyerekana ko igitigiri c’abagendana uruhagarara mu mitima aho muri Afrika y’Epfo, ari kinini mu birabure kurusha mu bazungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG