Uko wahagera

Igitero c'Iterabwoba Cateshejwe muri Misiri


Abasirikare ba Misiri b'inseruka rukamvye

Umushikiranganji wa Misiri w’intwaro mugihugu hagati yatangaje kur’uyu w’Imana ko hafashwe abakora iterabwoba 13 bariko bategura ibitero kubakristo, no kunyubakwa za reta.

Ivyo bitangajwe mugihe hari haheze indwi umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wihaye inkumbi mukwica abakristu 45 bariko barahimbaza umusi mukuru w’ibisandasanda.

Iryo tangazo ariko ntiryatomoye aho ivyo bitero vyari kuzobera. Uwo mushikiranganji yatangaje kandi ko mu ntara za Alexandrie na Beheira zo mu buraruko bwa Misiri, abajejwe umutekano batoye ibibanza bibiri vyakoreshejwe mugukora ibisasu kandi hanabikwa n’ibirwanisho.

Ubwo bwicanyi kubakristu buba mugihe umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Francis ategekanya kugendera Misiri kumataliki ya 28 na 29 z’uku kwezi kwa kane, urugendo gushik’ubu Vatikano ataco iravuga kijanye no kurusivya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG