Uko wahagera

Turkiya Isaba Viza Ku Banyagihugu Bayo


Mevlut Cavusoglu, umushikiranganji w’igihugu ca Turkiya ajejwe imigenderanire n’amahanga
Mevlut Cavusoglu, umushikiranganji w’igihugu ca Turkiya ajejwe imigenderanire n’amahanga

Igihugu ca Turkiya kivuga ko kigiye kwiga neza amasezerano yose yerekeye ingenzi mu gihugu cabo, ari hagati yabo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ni batahabwa inyishu ishimishije yerekeye ukuronswa ku buntu impapuro z’ingenzi (visa) kubanyagihugu baco.

Mevlut Cavusoglu, umushikiranganji w’igihugu ca Turkiya ajejwe imigenderanire n’amahanga mu kiganiro yashikirije kuri televiziyo yitwa A Haber muri Turkiya, yavuze ko amasezerano agenga ingenzi, ukwishira n’ukwizana mu bihugu vya buraya bidatandukanye.

Akavuga ko kubw’ivyo igihugu ca Turkiya gifise uburenganzira bwo kuyaca irya n’ino canke kigasokora mugihe atubahirijwe.

Igihugu ca Turkiya kivuga kandi ko muri iki gihe ata kibazo gifitaniye n’igihugu c’Uburusiya kandi ko kigiye gukomeza ibikogwa biri hagati yabo vyerekeye guhagarika intambara no gutorera umuti ibibazo vya politike biri muri Siriya.

Ivyo Turkiya ibivuze inyuma yaho haherutse kuba igitero cakoreshejwemwo imyuka mibi kigahitana abasivile bashika kw’I 100 mu kigwati ca Idlib cafashwe n’abarobeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG