Uko wahagera

Amerika Yateye Ibombe ya Mbere Nini muri Afuganistani


Ibombe ya mbere nini, ya Amerika, yo m'ubwoko bwa GBU-43/B, ipima ibiro ibihumbi cumi. Yatewe muri Afuganistani
Ibombe ya mbere nini, ya Amerika, yo m'ubwoko bwa GBU-43/B, ipima ibiro ibihumbi cumi. Yatewe muri Afuganistani

Indege y’ingwano ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yateye ibombe ya mbere nini, ipima ibiro bishika ku bihumbi cumi, ku nyubakwa y’ububiko bw’umuhari wa kisilamu, muri Afuganistani, kur’uyu wa kane. Nta makuru avuga kubijanye n’ivyoba vyononekaye aratangwa.

Ibombe yatewe kur’uyu wa kane yahinguwe haraheze imyaka irenga cumi, ikaba itari bwigere ikoreshwa na rimwe mu ntambara. Umuvugizi wa Buramatari mu ntara ya Nangarhar, ahaguye iyo bombe, yabwiye Ijwi rya Amerika ko batigeze bamenyeshwa ibijanye n’ico gitero.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kur’uyu wa kane, Prezida Donald Trump wa Amerika yatangaje ko ico gitero c’abasirikare ku bagwanyi ba Reta ya Kisilamu cari cemewe n’abategetsi. Ku bijanye n’intumbero y’ico gitero, Prezida Trump nta nyishu itomoye yatanze, yamara muvyo yashikirije vyumvikanye ko ar’uburyo bwo gutanga ubutumwa ku gihugu ca Koreya ya Ruguru.

Prezida Trump yatangaje kandi ko igitero c’indege bakoze muri Afuganistani ar’ikindi gikorwa cagenze neza, avuga kandi ko ashima abasirikare ba Amerika.

Jenerali Johnson Nicholson, atwara abasirikare ba Amerika muri Afuganistani avuga ko iyo bombe ipima ibiro ibihumbi cumi ariyo ishobora gushikira abagwanyi ba Reta ya Kisilamu, basigaye baraciye inzira nyinshi bakoreramwo, m’ukuzimu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG