Uko wahagera

Amerika Yarungitse Abasirikare Bayo Muri Somaliya


Abasirikare ba Amerika, n'inteko z'Ubumwe bwa Afrika, muri Somaliya
Abasirikare ba Amerika, n'inteko z'Ubumwe bwa Afrika, muri Somaliya

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarungitse abasirikare bayo I Mogadiscio, k’umugwa mukuru wa Somaliya, mu ntumbero yo kwigisha no gufasha abasirikare ba Somaliya hamwe n’inteko z’Ubumwe bwa Afrika, AMISOM, ziri mu ntambara yo kugwanya umuhari wa Reta ya Kisilamu. Ivyo vyatangajwe n’abategetsi ba Amerika kw’Ijwi rya Amerika.

Abo basirikare babaye aba mbere barungitswe na Amerika muri Somaliya, kuva mu gihumbi kimwe n'amajana icenda na mirongo icenda na kane, igihe Amerika ivuye mu gikorwa ca ONU, mu ntambara yari yugarije ico gihugu, yahitanye abasirikare cumi n'umunani ba Amerika.

Umutegetsi mu gisirikare ca Amerika yatangaje ko ico gikorwa ar’ikigaragaza uburyo Amerika yongerereje umuvuduko m’ukugwanya ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwugarije isi, no m’ugufasha abo bacuditse hamwe m’ukugwanya abagwanyi ba al-Shabaab.

Uwo mugwi utegekanya gukora igikorwa cawo gushika m’ukwezi kw’icenda kw’uyu mwaka. Mu minsi iheze, Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed wa Somaliya, yarateye akamo abagwanyi ba al-Shabab, ko kuba bashize hasi ibigwanisho mu minsi mirongo itandatu, bagaheza bakaronswa inyigisho n’ubuzi.

Mu nyuma y’aho al-Shabab ikaba yaciye ikora igitero cahitanye abantu cumi na batanu, nk’uko vyatangajwe n’igisirikare ca Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG