Uko wahagera

Siriya: Perezida Assad Amenyesha ko Amakungu Atangaza Ibinyoma


Perezida w’igihugu ca Siriya Bashar al-Assad kur’uyu wa kane yiyamirije amakuru ariko aratangazwa avuga ko yakoze ibitero akoresheje ibigwanisho vy’ubumara mu ndwi iheze, akaba yavuze kw’ivyo birego ar’ibinyoma vyeruye.

Mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa bijejwe gutangaza amakuru AFP, Assad yavuze kw’abasirikare ba Siriya bahevye ibigwainsho vyose vy’ubumara bari bafise.

Assad yagize ati: “Twebwe tubona kw’ar’ ibihugu vyo mu burengero, cane cane Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zikorana n’imirwi y’iterabwoba. Ati, ayo makuru yose, n’amakuru y’ibinyoma, afise umugambi wo kurondera inyandamuvano yo gusotora ingwano.”

Amerika yarakoze ibitero vya misile ku kampi irimwo indege z’ingwano mu gihugu ca Syria mu ndwi iheze, ikampi, indege zagiye kurasa zifise ivyo biganisho vy’ubumara, zishobora kuba zagurutse, zivamwo.

Amerika yaratangaje kw’igisirikare ca Siriya arico cakoze ivyo bitero vy’ubumara ku basivile mu ntara ya Idlib, mu gihugu ca Siriya; igitero cahitanye ubuzima bw’abakenyezi hamwe n’abana.

Kur’uyu wa gatatu, igihugu c’Uburusiya carankirije icemezo c’inama ya ONU ijejwe umutekano cari gifise umugambi wo kwiyamiriza no kwagiriza Perezida Bashar al-Assad ivyo bitero vy’ubumara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG