Uko wahagera

Turukiya: Amatora yo Guhakana canke Kwemeza Guhindura Ibwirizwa Nshingiro


Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan yiyamamariza amatora agamije guhakana canke Kwemeza ibwirizwa nshingiro.
Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan yiyamamariza amatora agamije guhakana canke Kwemeza ibwirizwa nshingiro.

Muri Turkiya, abanyagihgu ku musi wa mungu, bazozindukira gutora kwemeza canke guhakana ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro kugira ngo bahindure ukuntu reta yabo itunganijwe, ive ku butegetsi bushingiye ku nama nshingamateka, maze ije ku butegetsi bukomeye, bushingiye ku mukuru w’igihugu.

Ico kibazo caraciyemwo abanyagihugu imirwi ibiri. Abantu banegura uyo mugambi barega Perezida Recep Erdogan kw’ariko aragerageza kurondera gushinga ubutegetsi bw’igitugu, mu gihe abashigikiye uyo mugambi bavuga ko guhindura ibwirizwa shingiro bizotuma abanyagihugu bakingirwa.

Igisagara ca Istanbul arinaco gisagara ca mbere kinini muri Turkiya, kirimwo abanyagihugu batora bangana n’ica gatanu c’abanyagihugu bose; n’ukuvuga rero kw’ukuntu abanyagihugu bazotora mur’ico gisagara mur’ayo matora ategekanijwe ku musi wa mungu, bihambaye cane kuko bishobora kwerekana ukuntu ayo matora azogenda.

Ibiharuro vy’amajwi biriko biratohozwa vyerekana kw’abazotora kwemeza hamwe n’abazotora guhakana ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro bashobora kuba bangana, ku buryo atawotangaza ukuntu bizogenda.

Impande zose ziriko zirasigurira abanyagihugu, zibajijura kugira ngo baze bazishigikire.

Abashigikiye uyo mugambi bavuga kw’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro rizotuma demokarasi itsimbatara, maze n’igihugu kigasasagaramwo umutekano.

Abantu badashigikiye uyo mugambi bavuga ko kwongereza ububasha bw’umukuru w’igihugu, vyotuma ububasha bwiwe buruta inguvu z’ubutungane kandi ngo ingingo zikomeye zifatwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu, zishobora kuvamwo ubutegetsi bw’igitugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG