Uko wahagera

Prezida Trump Yisubiyeko Kubijanye na OTAN


President Donald Trump mu kiganiro c'abamenyeshamakuru, inyuma y'umubonano n'uwurongoye OTAN, Jens Stoltenberg, i Washington

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje, kur’uyu wa gatatu, ko Ishirahamwe OTAN rifise ico rimaze mu bijanye no kugwanya iterabwoba. Ni mu gihe yari yaratangaje, haraheze amezi atatu, kw’iryo shirahamwe ritagifise akamaro.

Prezida Trump yavuze ko yagiranye ikiganiro gikomeye n’Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, kubijanye n’ico iryo shirahamwe rishobora gukora m’ukugwanya iterabwoba. Yavuze kandi ko ahinduye ibirego yari yatanze mu minsi yahera, igihe chanceliere w’Ubudagi yagenderera Amerika, ku bijanye n’ibihugu bidatanga amafaranga akwiye y’umutekano.

Prezida Trump yongeye atangaza, kur’uyu wa gatatu, ko agiye kurungika umuhanuzi wiwe muvy’umutekano, muri Afuganistani kugira arabe uburyo ibintu vyifashe, n’uburyo bokorana n’ishirahamwe OTAN mur’ico gihugu.

Ni mu gihe k’umuhingamo wo ur’uyu wa gatatu, umu kamikaze yakoze igitero i Kaboul, k’umugwa mukuru wa Afuganistani, gihitana abantu batanu. Ico gitero cabereye hafi y’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi. Umuhari wa Reta ya Kisilamu ukaba uza wemenza kw’ari wo wakoze ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG