Uko wahagera

Amerika Icungishije Ijisho Prezida Bashar al-Assad


Prezida Trump na Reta yiwe, bariko bakurikira amasanamu ku bijanye n'ibitero vyo muri Siriya.
Prezida Trump na Reta yiwe, bariko bakurikira amasanamu ku bijanye n'ibitero vyo muri Siriya.

Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri ONU, Nikki Haley yatangaje ko Reta ya Donald Trump itazosubira kwihanganira ko Prezida Bashar al-Assad wa Siriya asubira gukandamiza abanyagihugu biwe. Ivyo Haley yabivugiye mu nama y’umutekano ya ONU, kur’uyu wa gatatu, yar’igamije kwiga ku ntambara imaze imyaka 6 muri Siriya.

Haley yavuze ko ubu bacunze ibikorwa vya Reta ya Assad, yongera kandi anegura abacuditse hamwe ba Prezida Assad, aho bakingira ibikorwa vyiwe bigayitse. Aha yatumye urutoke Uburusiya, Irani, hamwe n’umuhari Hezbollah. Mathew Rycroft, aserukira Ubwongereza muri ONU nawe yavuze ko Ubwongereza bubona co kimwe na Amerika, ku bijanye n’uko ivyo bitero vyakozwe na Reta ya Bashar-al-Assad.

Ivyo birego Uburusiya co kimwe n’uwuserukira Siriya muri ONU bavyamiriye kure. Bakavuga ko ata kivyemeza na kimwe gihari. Inama y’umutekano yumvirije kandi Staffan De Mistura, intumwa ya ONU mu biganiro vy’abatavuga rumwe muri Siriya. De Mistura yatangaje ko hakiri inzitizi nyinshi. Asaba ko intambara ihagarara kugira ibiganiro bishobore kubandanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG