Uko wahagera

Umugambwe MSD Wahagaritswe Amezi 6


Umugambwe MSD uri muyitavugarumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi wahagaritswe mu kiringo c'amezi 6.

Ingingo yo guhagarika ibikorwa vya MSD yafashwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye kw'itariki ya 4 ukwezi kwa kane umwaka w'i 2017.

Ariko yagiye ahabona kuri uyu wa gatatu italiki 12 z’ukwezi kwa kane 2017. Umushikiranganji Barandagiye yagiriza MSD ibintu nyamukuru bine:

Gushinga umugwi witwaje ibigwanisho ugwanya Leta y'Uburundi biciye ku mukuru wawo Alexis Sinduhije, kuba abanywanyi b'umugambwe MSD baguma basubiramwo inyifato yo gukokeza ubugizi bwa nabi n'urwanko hamwe n'ukuba warahonyanze amategeko n'amabwirizwa bigenga imigambwe mu Burundi.

BARANDAGIYE mu ngingo yiwe ategeka ko ahantu hose hari ingoro z'umugambwe MSD bitemewe ko zugururwa mu kiringo c'amezi 6 uwo mugambwe wahagaritswemwo.

MSD uri mumigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ifise ijunja mu Burundi.

Umukuru wawo Alexis Sinduhije yahoze ari umumenyeshamakuru ari ku rutonde rw'abantu baronderwa n'ubutungane bw'Uburundi.

Mbere Leta yasavye ko igipolisi mpuzamakungu ca Interpol comufata aho kizomubona hose kikamushikiriza ubutungane bw'Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG