Uko wahagera

UNICEF: Abana Bakoreshwa Mw'Iterabwoba Bariyongereye


Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita kubana, UNICEF gitangaza ko ibitigiri vy’abana bakoreshwa mubikorwa vy’ubwiyahuzi n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram vyiyongereye mu ntambara ibera mu karere k’ikiyaga ca Chad muri Afrika y’uburengero.

Amatohoza amaze gukorwa na UNICEF yerekana ko abana bakoreshejwe mubwiyahuzi mukwiturikirizako amabombe mu bitero 27 mu mezi atatu ya mbere y’umwaka wa 2017. Ibi bitigiri vyariyongereye incuro zitatu ugereranije n’ivyabaye aya mezi nyene mu mwaka uheze wa 2016.

Boko Haram yategetse kunguvu abana kwiturikizako amabombe muri Nijeriya, Chad, Nijeri na Kameruni kuva mu mwaka wa 2014. Mugihe uwo muhari ukorera kuvyiyumviro vy’iterabwoba wihishije inyuma y’idini rya kiyisilamu usa n’uwusagirijwe, waciye wongereza ibikorwa vy’iterabwoba kubasivile mu karere k’ikiyaga ca Chad.

UNICEF Isaba ko iyo ngendo yo gukoresha abana mubikorwa nk’ivyo ihagarara mugihe abana basanzwe bahanzwe n’ibibazo bitari bike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG