Uko wahagera

Sessions Agiye Gukomeza amategeko y'Abimukira


Jeff Sessions, Umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Amerika.

Jeff Sessions, umucamanza mukuru hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatangaje ko agiye guhasha abimukira binjira baciye k’umupaka wa Amerika na Mexique batabifitiye uburenganzira. Hari kur’uyu wa kabiri, m’urugendo yagize muri Reta ya Arizona, m’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Amerika, aho yatangaje, akoresheje imvugo ikaze ko agiye gukoresha amategeko kugira ahane ivyaha bijanye n’ubwimukira.

Chris Rickerd, umushingwamanza wa politike ijanye n’ibibazo vyo ku mipaka n’abimukira muri Amerika avuga ko igikorwa mwen’ico gishobora kuzotera impari m’uturere tw’ama Reta. Akavuga ko abacamanza mur’ayo ma Reta aribo bakwiye kwicarira ikibazo c’abimukira, bisunze ibikenewe n’abanyagihugu batwara.

Ivyo Rickerd yabishikirije bivuye ko ayo mategeko ahana kandi abafashwe bariko barafasha abatagira ivya ngombwa. Akavuga ko abo bantu bashobora kuba ar’abasanzwe bariko barafasha abandi, canke ar’amashirahamwe asanzwe afasha abimukira.

Jeff Sessions yatangaje kandi ko Ubushikiranganji bw’ubutungane bugiye kwongerereza abacamanza bashika kuri mirongo itanu uyu mwaka, bazokwitaho ibibazo vy’abimukira. Abo bakaba baje biyongera kubandi mirongo ibiri na batandatu, baheruka kugenwa n’uwahora aramutswa ubwo bushikirnaganji, Lauretta Lynch, mu ntango z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG