Uko wahagera

Amerika Yagiriza Uburisiya Kubesha kubijanye na Siriya


Jim Mattis, Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, (i bubamfu). Jenerali Joseph Votel (i buryo), mu kiganiro c'abamenyeshamakuru
Jim Mattis, Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, (i bubamfu). Jenerali Joseph Votel (i buryo), mu kiganiro c'abamenyeshamakuru

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yamiriye kure ibirego vy’Uburusiya bivuga ko ivyuka vy’ubumara vyishe abantu bashika kw’100, mu ndwi iheze, muri Siriya, vyavuye m’ububiko bw’ibigwanisho bw’abagwanya Reta, igihe bwari butewe n’indege z’ingwano.

Icegeranyo casohowe n’inama y’umutekano ya Amerika, kur’uyu wa kabiri, kivuga ko Reta ya Siriya n’Uburusiya biriko biragerageza guhuvya amakungu ku bijanye n’abakoze ivyo bitero ku banyagihugu bo muri Siriya. Abategetsi muvy’umutekano wa Amerika bagirije Uburusiya ko buriko butanga amakuru atariyo kubijanye n’ico gitero.

Abo bategetsi bakavuga ko ar’igitero cabereye mw’ibarabara hagati, kitabereye ku nyubakwa, kandi ko bazi neza ko Uburusiya aribwo busanzwe butunze ubwoko bw’ubumara bwa sarin, bwakoreshejwe mur’ico gitero. Ivyo birego Prezida Vladimir Putine w’Uburusiya yavyamiriye kure, m'ukuvuga ko ibirego vya Amerika bitagira ivyemezo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG