Uko wahagera

Somaliya: Abdikarim Salah Anyuruza Amato Yarazimanganye


Inkozi y'ikibi y'umusomali inyuruza amato

Umunyasomali azwi cane arongoye umurwi w’inkozi z’ikibi zinyuruza ubwato mw’ibahari, yarazimanganye inyuma y’aho ku musi wa gatandatu ageragereje kunyuruza ubwato bwutwara imizigo, nk’uko abajejwe uruja n’uruza mw’ibahari bariko barabitangaza.

Abdikarim Salah azwi ku gatazirano, “Aw Koombe” hamwe n’abandi bagabo babiri bakorana, bakubiswe amaso ubwa nyuma bari mu bwato buva mu gihugu ca Lenabi butwara imizigo, inomero OS 35, hafi y’izinga Socotra, igihe bariko baragerageza gutera ubwoba abadereva b’ubwo bwato kugira ngo bahindukize ubwo bwabo, babutware ku nkengera y’ibahari muri Somalia.

Abadereva babiri bagumye mur’ubwo bwato, barabuvuyemwo barahunga, kandi mur’iki gihe, baramaze gushika ku butaka, nk’uko amakuru, Ijwi rya Amerika ryaronse abivuga.

Ababandi banyuruza ubwato barusimvye bamaze gushika ku butaka, babwiye abanyagihugu baba mu gisagara ca Alula kiri ku ruzi rutukura bita Red Sea, ko “Aw Koombe” hamwe n’abandi babandi babiri bakorana bari binjiye mur’ubwo bwato, basigaye inyuma.

Bibaza ko Aw Koombe hamwe n’abo bandi babandi babiri bashobora kuba bagizwe imbohe n’abashinois b’abasirikare bo mu rwego rugwanira mu mazi Navy, bari baje gutabara ubwo bwato ku musi wa gatandatu.

Aw Koombe arazwi cane, n’umuntu aronderwa n’ubutungane, kandi yagirizwa inyuruzwa ry’ubwato bshika 10 mu kiringo c’imyaka itari mike iheze.

Twokwibutsa ko mur’iki gihe abandi b’abanyaSomalia banyuruza ubwato bagifise abahindi icenda banyuruje bakabatwara ku butaka, inyuma y’aho bahebeye ubwato bari banyuruje, batesherejwe n’abasirikare bo mu ntara ya Somalia babatereye.

Abo bahindi barimwo umudereva w’Ubwato bwitwa Al Kausar bwanyurujwe’ bugaraniwe mu gisagara citwa Qararrow.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG