Uko wahagera

Reta ya Kiyislamu Ibandanya Gutakaza Ubutaka muri Iraki


Abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu
Abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu

Umurwi w’intagondwa za Kislamu ISIS urabandanya gutakaza intara wari warigaruriye mu gihugu ca Iraki, none mur’iki gihe usigaranye ibice biri musi y’7%, nk’uko umuvugizi w’igisirikare c’igihugu ca Iraki yabitangaje.

Brigadier General Yahya Rasool avuga kw’umurwi ISIS mur’iki gihe usigaranye intara ziri musi y’ica kane c’intara wari warigaruriye mu 2014.

Mur’uyo mwaka, umurwi ISIS wari wigaruriye ibice vy’igihugu ca Iraki bishika kuri 40%.

Umurwi ISI wafshe igisagara ca Mosul mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2014, mu nyuma uca ukwiragira mu bindi bice bitari bike vy’igihugu.

Kuva ico gihe, abasirikare bagize urunani baramaze kwomora umurwi ISIS mu bisagara vyinsi war’ucumbitsemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG