Uko wahagera

USA: Rex Tillerson Yashitse mu Burusiya


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Rex Tillerson

Secreteri wa Departement ya reta ya Amerika, Rex Tillerson mu kanya ahejeje gushika mu gihugu c’Uburusiya mur’iki gihe agiye afise ibintu biri musi y’ibintu reta ya Amerika hamwe na reta y’Ubwongereza zari zibajije ko yoba afise kugira ngo abashe kujijura igihugu c’Uburusiya guheba gushigikira President w’igihugu ca Syria, Bashar al Assad.

Inama nkuru y’ibihugu indwi rutura vyo kw’isi yabereye mu gisagara ca Lucca mu gihugu c’Ubutaliyano uyu musi ku wa kabiri, ntiyashoboye kwumvikana ku bihano vyari gufatirwa igisirikare c’igihugu c’Uburusiya hamwe n’igisirikare c’igihugu ca Syria.

Ibihugu vyari bikoraniye mur’iyo nama vyavuze ko hakwiye kubanza kuba itohozwa kugira ngo umurwi wakoresheje ibigwanisho vy’ubumara ku basivile mur’ico gihugu, mu mdwi iheze, ubanze umenyekane.

Ivyo bitero vy’ubumara vyaratumye amakungu yose avyiyamiriza, maze Reta Zunze ubumwe za Amerika zica zikora ibitero ku gihugu ca Syria; ibitero vyatanguje intumbero nshasha ya Reta ya Trump kur’iyo ngwno yo mu gihugu ca Syria imaze imyaka indwi.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza Theresa May bari bumvikanye kuremera igihugu c’Uburusiya kugira ngo citandukanye na Assad, inyuma y’aho habereye igitero c’ubumara, kandi conger gifatirwe ibihano ku bintu bimwe bimwe, yamara igihugu c’Ubudagi n’Ubutaliyano, vyose biri mu bihugu rutura indwi vyo kw’isi, vyarahakanye uyo mugambi.

Iyo ngingo y’ibihugu indwi rutura vyo kw’isi ivuze rero kw’umugambi w’ibihano upfuye. Umugambi wo gutanguza itohozwa nawo ukaba uzomara igihe kirekire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG