Uko wahagera

Umwigisha Yarashwe kw'Ishure Muri Californiya


School Shooting San Bernardino
School Shooting San Bernardino

Igipolisi co muri Reta zunze ubumwe z’Amerika gitangaza ko umuntu yitwaje inkoho yarashe kw’ishure ry’intango ryo mugisagara ca San Bernardino muri reta ya californiya kur’uyu wa mbere, yica umugore wiwe w’umwigisha hamwe n’uwundi mwana w’umunyeshure w’imyaka 8 yahitanwe n’urusasu.

Amakuru ava mugipolisi abandanya avuga ko uwo mugizi wa nabi w’imyaka 53 azwi kw’izina rya Cedric Anderson nawe yahavuye yiyica ahejeje gukora iryo bara.
Anderson n’uwo mugore wiwe bari bamaze amezi make bubatse bakaba bari bamaze imisi ingana n’ukwezi bahukanye.

Tubibutse ko ico gisagara ca San Bernardino mu mpera z’umwaka wa 2015 cabayemwo igitero aho abantu babiri bari bubakanye bagira kuvyiyumviro vy’umuhari wa reta ya Kiyisilamu bihaye inkumbi bica abantu 14 bari mumusi mukuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG