Uko wahagera

Abanyororo Banyongwa kw'isi Baragabanutse


Raporo za Amnesty International zivuga abanyororo banyongwa kw'isi.
Raporo za Amnesty International zivuga abanyororo banyongwa kw'isi.

Ubutungane bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwanyoze abanyororo 32 mu mwaka wa 2016, kandi ibitigiri vy’abishwe mur’ubwo buryo vyaragabanutse kw’isi kubice 37 kw’ijana. Ivyo vyatangajwe n’ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu kw’isi, Amnesty International.

Amerika iza k'urutonde rugira ndwi mu bihugu binyonga imbohe kw’isi, inyuma y’Ubushinwa, ahanyongwa abaharurwa mubihumbi buri mwaka, Irani, abarenga 567, Arabiya sawudite, abarenga 154, Iraki, abarenga 88, Pakistani, 87 na Misiri 44.

Kubwa Salil Shetty, umunyamabanga mukuru wa Amnesty Internationa, iryo gabanuka ryo kunyonga imbohe n’icizere kubaharanira agateka ka muntu.

Muri rusangi, Amnesty itangaza ko yatohoje abantu 1.032 banyonzwe kw’isi muri 2016 mugihe muri 2015 ibitigiri vy’imbohe zanyonzwe vyashika ku 1.634.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG