Uko wahagera

USA: Umucamanza Gorsuch Amaze Kurahira


Amezi cumi n’ane inyuma y’urupfu rw’umucamanza Antonin Scalia, sentare nkuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yasubiye kwuzuza ibibanza icenda vy’abacamanza bayigize. Ivyo inyuma y’irahira uno musi rya Neil Gorsuch mu mabanga y’umucamanza mushasha w'iyo sentare.

Neil Gorsuch yarahiye incuro zibiri mu mabanga yiwe mashasha mu birori bitandukanye. Ubwa mbere yarahijwe n’umucamanza mukuru wa sentare nkuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Roberts mu birori vyabereye mu nyubakwa ya sentare. Mu nyuma yaho, umucamanza, Anthony Kennedy, yarahije, Neil Gorsuch hanze y’ibiro vya Perezida, Maison Blanche. Ivyo birori vyari vyitabwe na Perezida Donald Trump n’icegera ca perezida, Mike Pence.

Perezida Trump avuga ko Gorsuch ar’umuntu w’intungane, ubwenge n’ubuhinga afise mu mabanga yiwe ar’abantu bake babufise, kandi kw’akwirikiza cane ibwirizwa shingiro rya Amerika. Inyuma yuko arahiye, Neil Gorsuch yiyemeje kwubahiriza ibwirizwa shingiro n’amategeko ya Amerika.

Perezida Trump yagenye Neil Gorsuch kuba umucamanza muri sentare nkuru y’igihugu mu mpera z’ukweziz kwa mbere. Yemejwe n’inama nkenguzamateka muri ayo mabanga mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG