Uko wahagera

Incuti za Siriya Zigabisha Kwihora Amerika


Perezida wa Irani, Hassan Rohani.

Imigenderanire hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika n’incuti za Siriya arizo Uburusiya na Irani irushiriza gutituka mugihe ivyo bihugu bitangarije ko bizokwihora Amerika inyuma y’ibitero yagavye Siriya n’inyuma yaho itangarije ko igamije gukura Assad ku butegetsi.

Umukuru w’igihugu ca Irani, Hassan Rohani yaraterefonye Bachar al-Assad amubwira ko akimushigikiye kandi atako aranegura n’igitero cakozwe n’Amerika, ivyo vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru Sana ryo muri Siriya.

Nayo abakuru b’ibisirikare vy’Uburusiya na Irani ku musi wa gatandatu baremeranije ko bagiye kubandanya bashigikiye Assad muvyagisirikare gushika batujije abakora iterabwoba bose hamwe n’ababafashe m’umugongo.

Irani, Uburusiya na Siriya bavuga ko abo bose batavugarumwe na reta ya Siriya ar’abakora iterabwoba.

Ni mugihe sekreteri wa reta w’amerika, Rex Tillerson kur’uyu wa gatatu yitezwe I Moscou mu Burusiya aho azoba agiye kugondoza Uburusiya ngo bureka gushigikira Perezida Assad.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG