Uko wahagera

Amerika Ivuga ko Igamije Gukura Assad k'Ubutegetsi


Umuhanuzi wa Donald Trump mubijanye n'umutekano mugihugu, Liyetena Jenerali H.R. McMaster

Umuhanuzi wa Perezida Donald Trump wa Reta zunze Ubumwe z'Amerika mubijanye n’umutekano mugihugu yatangaje kur'uyu w’Imana ko Amerika ishobora gukora ibindi bikorwa vya gisirikare kuri Siriya, inyuma ya misile yatewe mundwi irangiye.

Mukiganiro ca mbere yahaye televiziyo Fox News yo muri Amerika, Liyetena Jenerali Herbert Raymond McMaster yatangaje ko intumbero zibiri Amerika ifise kuri Siriya ar’ukwirukana umuhari wa reta ya Kiyisilamu no gukura Perezida Bashar Assad ku butegetsi.

Ariko yabandanije avuga ko Trump ariko avugana n’ibihugu bafatanije urugamba, ndetse n’Uburusiya kugira baronderere hamwe inyishu iciye muri politike igamije guhindura ubutegetsi muri Siriya. Agira ati: "Biragoye kwitega amahoro muri Siriya mugihe Assad akiri ku butegetsi."

Ivyo abitangaje mugihe abashingamateka b’Amerika babandanya basaba reta ya Trump ko ata bindi bitero yokora kuri Siriya batabanje kugishwa inama no kuvyemeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG