Uko wahagera

RDC: Igipolisi Cabujije Imyiyerekano


Igipolisi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo catangaje kumugoroba wo kur'uyu w'Imana ko kibujije amakoraniro yose yar’ategekanijwe kur’uyu wa mbere k’umurwa mukuru Kinshasa no mubindi bice vy’igihugu.

Ayo makoraniro yari yatumweko n’abatavugarumwe n’ubutegetsi bagiriza Perezida Joseph Kabila, ko ariwe ntambamyi nkuru ya demokarasi mugihugu.

Umuvugizi w’igipolisi ca Kongo, Colonel Pierrot-Rombaut Mwanamputu yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP, ko ayo makoraniro agamije gutera imidurumbanyo.

Ako kamo ko kwiyamiriza ubutegetsi katumweko n’umugambwe, UDPS washinzwe na Étienne Tshisekedi, aheruka kwitaba Imana mukwezi kwa kabiri I Buruseli mu Bubirigi

Umuhungu wiwe, Félix Tshisekedi, ari nawe arongoye urunani "Rassemblement" ruhurikiyemwo abatavugarumwe n’ubutegetsi yatangaje ko Kabila ariwe atera akajagari mubanyepolitike bigatuma igihugu cinjira mubihe bitoroshe.

Inyuma y’aho atangarije ivyo kur’uyu w’Imana, yaciye ahungira I Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya, nkuko amakuru atangwa n’abakora kukibuga c’indege abivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG