Uko wahagera

Abohoze muri Reta ya Obama Bariregura ku Bitero vya Siriya


Abahoze bakora muri Reta ya Prezida Barack Obama, basohoye inzandiko zituma urutoke imvugo yo kunegura uburyo Prezida Obama atigeze yishura ku bitero vy’ubumara vyakozwe na Prezida Bashar al-Assad wa Siriya ku banyagihugu.

Uwahoze ar’umuhanuzi muvy’umutekano, muri Reta ya Obama, Ben Rhodes, yanditse abicishije k’urubuga rwiwe rwa twitter, abaza nimba abagize inama nshingamateka, bagizwe ahanini n’aba Republikani, co kimwe na Prezida Trump, batahengamye mu gufata ingingo yo gutera misile muri Siriya.

Inyuma y’ivyo bitero, uwahoze ar’umuvugizi w’umuhanuzi ajejwe umutekano, Tommy Vietor, nawe yaciye asohora inzandiko zari zarasohotse mu bihumbi bibiri na cumi na gatatu, igihe Prezida Obama yashaka gusubiza ibitero vya Prezida Assad, yamara agahagarikwa n’inama nshingamateka, hamwe n’Ubwongereza, igihugu gicuditse cane na Amerika. Inyuma y’aho Prezida Obama yaragabishije Prezida Assad ko azokoresha inguvu za gisirikare, inyuma y’igitero vyari bihejeje kuba, bigahitana abantu amajana, hafi y’igisagara ca Damasiko.

Richard Weitz, umuhinga muvya politike, akaba n’umusirikare mu kigo Hudson, yabwiye Ijwi rya Amerika ko ibitero Amerika yakoze vyari bifise intumbero yo kwerekana ko ivyari vyaratangajwe na Amerika, ku bijanye no gukoresha inguvu za gisirikare, bishoboka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG