Uko wahagera

Ikiza c'amacinya muri Etiyopiya


Reta ya Etiyopiya yatangaje ikiza gikomeye c’amacinya, mu karere kari k’umupaka wa Etiyopiya na Somaliya, aho abantu basanzwe bageramiwe n’uruzuba.

Muganga Akpaka Kalu, aserukira Ishirahamwe Mpuzamakungu OMS, ryitaho amagara y’abantu, yatangaje kur’uyu wa gatanu ko abantu bashika ku bihumbi cumi na bitandatu aribo bamaze gufatwa n’iyo ndwara, kuva m’ukwezi kwa mbere. Nta gitigiri c’abimaze guhitana gushik’ubu kiratangazwa.

Yamara uwurongoye ako karere, Abdi Mohammed Omar, avuga ko abana cumi n'icenda, baba m’ubumanuko, k’urubibe rwa Somaliya na Etiyopiya, bamaze kuhasiga ubuzima. Abanyagihugu bo mur’ako karere nabo baremeza kandi ko abatari bake bamaze guhitanwa n’iyo ndwara y’amacinya.

Mu gihugu kibanyi ca Somaliya, OMS yatangaje ko iyo ndwara yiyongeye incuro zitanu, ugereranije no m’umwaka uheze. Abamaze gufatwa baharugwa mu bihumbi cumi na bitatu, n’abo imaze guhitana bashika ku majana atatu, kuva mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka.

Abanyetiyopiya barenga imiliyoni zitanu n’igice bugarijwe n’uruzuba. Nayo muri Somaliya, abashika ku miliyoni zitandatu bakaba bariko bahangana n’ikiza c’inzara, co kimwe n’igihugu ca Somaliland, gihana urubibe na Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG