Uko wahagera

Siriya: Amerika Izokora Ibirenze, Bikenewe


Uwuserukira Amerika muri ONU, Nikki Haley, yerekana amafoto y'abana baguye mu gitero c'ubumara, muri Siriya.

Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri ONU, Nikki Haley, yatangaje ko ibitero Amerika yakoze ku kibuga c’indege kiri m’uburaruko bwa Siriya, mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatatu, bifise insuguro. Ivyo Haley yabishikirije mu nama yihuta ya ONU, yabaye kur’uyu wa gatanu.

Haley yavuze kandi ko bikenewe bazokora ibirengeye ivyo, yamara ko yizeye ko bitazoba ngombwa ko bashika kure. Amerika yatangaje ko bateye ibisasu vya misile kur’ico kibuga c’indege, bivuye ko arico kibanza Reta ya Bashar al-Assad ikoresha mu gukora ibitero vy’ubumara, nk’ivyo yakoze k’umunsi wa kabiri.

Nikki Haley avuga ko amakungu ategerezwa guhindura uburyo bwo guhagarika intambara muri Siriya. Uburusiya, bubicishije k’umushingamateka wabwo muri ONU bwatangaje ko bwashavujwe n’ibitero vya Amerika, bukavuga ko Amerika yarenze ku mategeko mpuzamakungu.

Ibihugu bitari bike vya Buraya vyashimye ingingo ya Amerika yo gutera misile muri Siriya. Bivuga ko ar’iyo nyishu yar’ibereye, naho bamwe muribo bavuga ko ikibazo ar’ukwisunga amategeko mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG